Taxi
HomeHome > Blog > Taxi

Taxi

Sep 10, 2023

Abanyonga bajaj, taxi-moto na taxi-velo bavuga ko akazi kabo kagabanutse cane kuva bafatiwe ingingo yo kuguma ku nkengera z'igisagara

Amapikipiki n’amakinga yunguruza abantu azwi nka taxi-velo na taxi-moto hamwe na tuktuk canke bajaj haheze hafi umwaka zibujijwe gushika mu gice kinini co hagati mu gisagara ca Bujumbura ku mvo z’umutekano.

Ariko hari ababona ko harabwe uruhande rumwe rw’ico kibazo bavuga ko gikwiye intumbero yagutse kandi iraba imbere muri kazoza ku bijanye no kwiyunguruza mu gisagara.

Abazeye uburaro n'uburamuko kuri ubwo buryo bwo kwiyunguruza bavuga ko basubiye inyuma cane.

''Bajaji nta kazi kakirimwo kweri, kubera urashobora kumara isaha ata mukiriya n'umwe uraronka. Kare twabakura iyo hakurya'', bivugwa n'umwe mu basore bafise igituro ku kiraro ca Nyabagere hagati y’amazone ya Cibitoke na Ngagara.

Uwo mugezi wa Nyabagare ubu wabaye umurongo ntarengwa ku ma taxi-velos, taxi-motos na bajaj ku bavuye mu ma quartiers yo mu buraruko bw’uwo mugezi nka Cibitoke, Mutakura, Carama n’ahandi baja mu bice vyo mu bumanuko. Ku mpande zose z'igisagara hari imirongo bene iyo.

''Urashobora n'ukugera sasita ata n'ibihumbi cumi canke bitanu uraronka. Versement ya bajaj ubu ni ibihumi umunani, ibihumbi cumi. N'aho nyene si iminsi yose'', nk'uko uwo musore abandanya avuga.

Avuga ko ubu iyo bajaj ipfuye baca bayigurisha ivyuma kuko ata mafaranga yo kuyikoresha bashobora kuronka. Abatwara ama taxi-moto na taxi-velo nabo bidoga uko nyene.

Abahora bazikorako nabo mu kwiyunguruza canke gutwara imizigo baba bafise bavuga ko batacoroherwa cane cane mu gushika ku masoko nko kwa Siyoni , Cotebu na Jabe.

''Twahora twipakiza ku makinga gushika kuri Cotebu canke kwa Siyoni bikatworohera . None ubu uva ngaha n'amaguru gushika hariya ugasanga urugendo rubaye rurerure, ugashika warushe'', ivyo bivugwa n'uwundi musore nawe taxi-velo ishikanye ku kiraro ca Nyabegere.

Ati: ''Iyo ufise akazigo birakugora kuko bisaba ko ukikoreza. Hari igihe bagusaba amafaranga utunguka kuri ako kazigo''.

Abacuruza mu masoko atandukanye bavuga ko kuba ama taxi-velos na bajaj atagikora vyatumye ibiciro biduga kuko ubu ibicuruzwa bahabishaka babifatiye inodoka, nayo igasaba amafaranga menshi kurusha ubwo buryo bahora bikorako.

''Sinibaza ko ico kibazo gikwiye gutorerwa inyishu umuntu afatiye ku ruhande rw’umutekano gusa’’, Claude Bochu .

Mu kwezi kwa gatatu mu 2022 niho iyo ngingo yo kwigiza kure taxi-velos, taxi-moto na bajaj yafatwa n'ubushikiranganji bujejwe umutekano, intwaro yo hagati n'iterambere rusangi.

Amashirahamwe adaharanira inyungu za poritike yaraneguye iyo ngingo, avuga ko yafashwe hisunzwe uruhande rumwe rw'umutekano gusa.

Inyuma y'umwaka iyo ngingo ifashwe, uwuserukira ishiramwe rya Buraya mu Burundi, Clause Bochu, avuga ko ico kibazo gikwiye intumbero yagutse kandi iraba kure muri kazoza.

Bochu ati: ''Jewe ikimbabaza kuri co kibazo co kwiyunguruza mu gisagara ca Bujumbura, ni ukuba ata ntumbero ihari.

''Nta na hamwe mbona ko hari ukuraba kure muri kazoza ku bikenewe mu bijanye no kwiyunguruza muri ico gisagara.

''Jewe ico mbona ni uko hoba ukuvugana n’ubushikiranganji bujejwe gutwara abantu n’ibintu kugira tumenye ico abategetsi b’Uburundi babona nka kazoza ko kwiyunguruza muri iki gihugu na cane cane mu gisagara ca Bujumbura.

''Nibaza ko hoba intumbero yagutse kuko sinibaza ko ico kibazo gikwiye gutorerwa inyishu umuntu afatiye ku ruhande rw’umutekano gusa’’ .

Uwo aserukira ishirahamwe rya Buraya - risanzwe rifashanya n'Uburundi mu migambi itandukanye y'iterambere - avuga ko ikibazo co kwiyumguruza kijana n’ibindi nk’ivy’imyuka yisuka mu kirere n'imibereho y’abantu.

Avuga ko ishirahamwe aserukira ryitegururiye gufasha reta y’Uburundi gutora inyishu zirama kuri ico kibazo.

BBC yagumye irondera abajejwe igisata c'umutekano n'igisagara ca Bujumbura ngo bagire ico bashikirije ariko ntawuragira ico avuze.

Igihe ingingo yafatwa mu kwezi, uwari ajejwe ubushikirangannji bw'umutekano, intwaro yo hagati n'iterambere rusangi - ubu asigaye ari umushikiranganni wa mbere - Gervais Ndirakibica, yasiguye ati: "Iyi ni ingingo 'technique' izodufasha mu mutekano, uruja n'uruza mu gisagara ca Bujumbura".

Ati umuti "urarura mugabo uranyobwa kandi umuntu arawumira ugashikayo".