Burundi: Olucome na Parcem ngo kwigiza kure tuktuk,taxi
HomeHome > News > Burundi: Olucome na Parcem ngo kwigiza kure tuktuk,taxi

Burundi: Olucome na Parcem ngo kwigiza kure tuktuk,taxi

Sep 11, 2023

Tuktuk, taxi-velo na taxi-moto zikoreshwa n'abantu benshi mu kwiyunguruza no gutwara ibintu mu gisagara

Amashirahamwe Olucome na Parecem asaba reta kwiga neza ingingo yo kwigiza ku nkengera z'igisagara ca Bujumbura tuktuk, taxi-moto na taxi-velo ku neza y'ubutunzi bw'igihugu n'imiryango.

Iyo ngingo yari kuja mu ngiro itariki 11 ukwezi kwa gatatu inyuma y'iminsi 10 ifashwe. Ariko ku wa gatanu uheze, ubutegetsi bwaciye bwongera iyindi minsi icumi abakoresha n'abatunze ivyo vyuma kugira babandanye kuvyandikisha no kuvuga iyo bizoca bikorera ingingo itanguye kuja mu ngiro.

Kuva umunsi ifatwa haciye hatangura isekeza ryo kuyisigurira abo yerekeye. Ariko Olucome na Parcem zivuga ko iyo ngingo yakomeje gutera impari nyinshi cane.

Mmw'itangazo ryayo, Olucome na Parcem avuga ko tuktuk, taxi-velo na taxi-moto zibeshejeho imiryango ishika 100.000 irimwo benezo, abazigendesha, abazidandaza, n'abagurisha ivyuma vyo gusubiriza ibipfuye kuri zo.

Bimwe mu vyo amashirahamwe ya Olucome na Parcem abona vyokorwako n'iyo ngingo yo kugabanya akarere ivyo vyuma bikoreramwo:

Amashirahamwe Olucome na Parcem abona ko ahubwo muri ibi bihe ibiciro vy'ibitoro biriko biraduga kw'isi, bene ivyo vyuma binywa ibitoro bike canke ata bitoro bikenera ari vyo buryo buzimbutse bwo kwiyunguruza.

Mu gufata ingingo yo kubuza ivyo vyuma gushika mu gice kinini c'igisagara ca Bujumbura, ubushikiranganji bujejwe umutekano bwavuga ko ari ingingo yo kurinda umutekano w'abakoresha amabarabara bose.

Ahavuye isanamu, MINISTERE DE L'INTERIEUR, DE LA SECURITE ET DU DEV

Kuva itariki 21 ukwezi kwa gatatu, tuktuk, taxi-moto na tax-velo zizoba zikorera ku nkegera z'igisagara ca Bujumbura gusa

Ubushikiranganji bujejwe umutekano buvuga ko ingingo yizwe n'umugwi w'ubuhinga.

Ariko Jado Nzitunga, umuyobozi w'ishirahamwe ry'abagendesha moto zunguruza abantu mu gisagara ca Bujumbura yabwiye BBC ko batagishijwe inama.

Ariko mu bushikiranganji bujejwe umutekano, bo bafashe iyo ngingo, bavuga yuko leta mu gufata icemezo kiraba ineza y'abanyagihugu iba yavyize neza.

Umuvugizi w'igipolisi gikorera muri ubwo bushikiranganji, Désiré Nduwimana, yagize ati: "Ubutegetsi iyo bubona yuko hariho ikiriko kirononekara, mu kuramira abenegihugu ntubanza kubabaza ati mbega bigende gute.

"Ugomba kugirira umutekano abantu ubakorera ibikenewe ntubanza kubagisha inama."

Ikiganiro cy’abagore kuri BBC Gahuzamiryango

Inkurikirane

End of Podcast

Désiré Nduwimana abandanya avuga yuko amasanganya mu mabarabara ya Bujumbura yari amaze kuba umurengera, kandi ko ivyo vyuma vy'amakinga, moto na bajaji canke tuk-tuk bibifisemwo uruhara runini.

Olucome na Parecem zigira inama reta ko yobanza igahagarika ishirwa mu ngiro ry'iyo ngingo kugira hirindwe ingaruka zikomeye z'ubutunzi ku banyagihugu basanzwe bugarijwe n'ubukene.

Ayo mashiirahamwe asaba ko hoca hashirwaho umugwi w'abahinga kugira bige ingene muri rusangi ikibazo co gutwara abantu n'ibintu cotunganywa neza mu Burundi.

Olucome na Parcem avuga kandi ko hakenewe kwitaho kunagura amabarabara n'uburyo bwo kwiyunguruza mu Burundi no kugenzura neza itangwa ry'impapuro zo gutwara ingendeshwa no gusuzuma ko abazigendesha bazi amategeko.

Uko biri gushika ubu , Olucome na Parcem abona ko ingingo yo kugabanya akarere Tuktuk, taxi-moto na taxi-velo bigenderamwo itizwe neza.

Avuga ati: Kuba abatumwe n'ubushikiranganji bujejwe umutekano gusigurira iyo ngingo abanyagihugu batashoboye kubibumvisha ...bagasiga ibibazo bitaronse inyishu ...vyerekana ko ingingo yafashwe hutihuti, itizwe neza n'abahinga kandi ata fatiro ry'amategeko igendeyeko."

Podcast